Nasezeranije guhora Ngukurikira Yesu
1. Nasezeranije guhora Ngukurikira Yesu,
Imisi yos’ umpore hafi Mukiza wanje mwiza.
Sinzokwigera ntiny’ intambara, Wew’ umpagaze hafi,
Sinosbobora kuzimira Ni wahor’ unyobora.
2. Ndagomba kukwumv’ umba hafi, Kukw ivy’ isi binsuka,
Amajwi yavyo numv’ ageza Kungwisha ngo nkuveko.
Ababisha babi bankikije Bar’inyuma n’ imbere,
Ariko Yes’ ubatangire, Undind’ ibicumuro.
3. Ijwi ryawe ryiza Mukiza, Rindutir’ ayo yose,
Unyongorere mu mutima, Sinkumvir’ ibinsuka.
Wam’ umvugira hafi ngo ndeme, Umbarir’ ivy‘ ugomba,
Uvuge nanje nzokwumvira Mukiza nizigira.
4. Mukiza, wasezeranije Abagukurikira
Yuko bose bazoj’ i wawe, Bagahorana nawe.
Kandi nanje nasezeranije Guhora ngukorera;
Mfashish’ ubushobozi bgawe Databuja, Mukunzi.
5. Kand’ umpe kuger’ ikirenge Mu c’i wawe Ndongozi,
Nta bundi bushobozi Yesu, Nizey’ atar’ ubgawe.
Hor’ undongor’ unjana Mukiza. Ugez’ aho nzopfira,
Maz’ uz’ unyakire mw ijuru Mukunzi wankijije.