Umusi nabonye Yesu Mu nyonga ziw’ icese
1. Umusi nabonye Yesu
Mu nyonga ziw’ icese,
Nzohimbarwa cane rwose:
Ni we yadupfiriye.
Ref
Nzomubona, Yes’ Umwami,
Mw’ijuru dushitseyo;
Nzobona mu nyonga hiwe
N’icubahiro ciwe.
2. Mfise Yesu mu mutima,
Nararons’ urukundo,;
Umus’ umwe Yes’ azoza
Kutujana mw’ijuru.
3. Ya marushwa yacu yose,
N’ ivyo bitubabaza,
Ivyo vyose bizohera
Umusi twamubonye.
4. Aho Yes’ azotujana,
Tuzonezerwa cane,
Tumubony’ Umwami wacu,
Twoshim’ imyaka yose.