Nkunda kwunguk’ ivya
1. Nkunda kwunguk’ ivya
Yesu Kwunguk’ imbabazi ziwe,
Kwunguk’ ubgenge bg’ ukuri
N’ urukundo rw’ Umukiza.
Ref
Nunguk’ ivya Yesu,
Nunguk’ ivya Yesu,
Nunguk’ ubgenge bg’ ukuri,
N’ urukundo rw’ Umukiza.
2. Nshishikarir’ ivya Yesu,
Emmer’ ivy’ agomba binkwiye,
Mpwemu Yera, mpishurira,
Mbgir’ uko Yesu yankunze.
3. Nunguk’ ijambo rya Yesu,
Mbane n’Umwam’ antoneshe;
Numvir’ ivy’ ambgira vyose,
Mpuze na we mmuyoboke.
4. Mmeny’ ivy’ ingoma ya Yesu,
Mmeny’ ubgiza bgiwe bgose,
Mmenye n’ukw agira yime,
Ni we Mwami w’ amahoro.