Yesu n’ Umukunzi wacu

 


1. Yesu n’ Umukunzi wacu, Ni w’ atwikorerera
Imibabaro n’ ivyaha, Akatubabarira.
Umunt’ adasenga wese Ntiyoronk’ amahoro,
Tweho tuje kuri Yesu, Tumubarire vyose.


2. Umunt’ adasenga wese Yaman’ ivyaha vyiwe,
Ngwino, ngwino kuri Yesu Akuruhure vuba.
Yes’ aradukunda twese, Yes’ afis’ imbabazi,
Yapfiriy’ abantu bose, Mumusenge n’ Umwami.


3. Ivyaha n’ ubgoba bgose N’ imitim’ ibabaye
Tubijane.kuri Yesu, Araduh’ amahoro.
Ntitugir’ umutabazi Adukunda nka Yesu,
Ariko Yesu wenyene N’ umukunzi w’ abantu.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *