Ewe Mukiza wanje

 


1. Ewe Mukiza wanje, wakubisw’inguma.
Mukama wambitswe n’ igitsiboc’amahwa.
Mukama wababajwe, non’ushimwe cane.
Wambabariye rwose, Mukama n’ ushimwe.


2. Yesu, wababariy’ ivyaha vyanje vyose,
Wampaniw’ ari jewe nari nacumuye,
Car’ igihano canje, urakimpanirwa,
Mukama, wantabaye ngo ndonk’ imbabazi.


3. Mukama, ndagushima n’ umutima wose,
Wampfiriye ku giti, wankijij’ivyaha;
Undemeshe nizere ngo ngukurikire,
Kandi n’ aho nzopfira, mpfire muri wewe.


4. Aho nzovira mw isi ntundeke jenyene,
Urupfu ni rwantsinda uz’ummar’ubgoba.
Nah’ umubiri wanj’uzobora ngashira,
Ndazi ko nzokwibonera n’ amaso yanje.


5. Kur’ uwo musi Yes‘uz’ uwundemesheko, Ngo
mbon’ inyonga zawe nk’ ah’uri ku giti;
Kubg’ ic’ umpe kunesha nk’ uko wanesheje:
Hahirw’ uzopf arengukijwe nawe Mwami.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *