Tujanye na Yesu

 


1. Tujanye na Yesu, Tumwumviye cane,
Twogendera mu muco wiwe,
Akatuyobora, Akabana natwe
N’ abamwizer’ uko bangana.


Ref
Mwizigire, Umwumvire cane,
Ni ho womuronkamwo Akaneza kenshi.


2. Ntihakingirizwa, Nta gicu gikuba,
Yes’ amwenyuye kireyuka,
Nta bgoba buriho, Cank’ umubabaro,
Bimarwa n’ uko tumwizeye.


3. Amarushwa yose Ntiyotubabaza.
Ni w’ aduhembur’ imbu zose;
Ivyo twita bibi Bitubera vyiza,
Tumwizigiye, tumwumviye.


4. Ntitwokwiyungura Kugir’ akaneza
Tudakijijw’ ivy’ isi vyose,
Kuk’ ubuntu bgiwe N’ imbabazi ziwe
Ar’ impera y’ abamwizeye.


5.Tumugiye hafi Tukamugendako,
Twoba tugirirany’ ubumwe,
Maze yodutuma Tugaca tugenda,
Tukamwumvira tumwizeye.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *