Ndagusavye wewe Yesu Mwami
1. Ndagusavye wewe Yesu Mwami,
N’ umpe s’ urukundo rushitse pe,
Ngomba kukwizera n’ umutima wose,
Yesu Kristo, mp’ urukundo.
2. Kera nari nkunz’ ivya Satani,
Noneh’ uyu musi nkunze wewe,
Ubu ndaguherej’ umutima wanje,
Yesu Kristo, mp’ urukundo.
3. Na ntaryo nzohora nshima Yesu,
Nzomukurikira Yes’ Umwami,
Yesu, mfasha rwose, ump’ ubukomezi,
Yesu Kristo mp’ urukundo.
4. Ngomba kwitegura, mpeb’ ivyaha,
Uje kutujana ntuz.’ unsige,
Mp’ umutima mwizan’ukwitonda kwose,
Yesu Kristo, mp’ urukundo.