N’ impore mu mutima wanje

 


1. Ubu n’amaboro mu mutima wanje,
Kuko Yesu yankijije,
Kandi har’ ikintu yanyigishije,
N’ uko ntakwiye kwiganyira.


Ref
N’ impore, n’ impore,
N’ impore mu mutima wanje.


2. Satan’ iy’anteye, akandas’imyampi,
Numva mfis’ikindemesha,
Ko Yesu yabonye ko ntokwivuna,
Aranyigura arancungura.


3. Ivyaha vyanje vyarabambge ku giti,
Si bimwe gusa, ni vyose!
Sinkibitwaye, yarabinduhuye,
Iman’ ishimwe, Haleluya!


4. Noneho kubganje kubaho ni Kristo
Kandi singitinya gupfa,
Urupfu narwo, ruzomber’ inyungu,
Yesu yanyujuj’ amahoro.


5. Mw ishikiro ryacu ni mw ijur’ i bgami,
S’epf’i kuzimu, bagenzi!
Twitege kwumv’ inzamba z’Umukiza:
Uzogaruka ryari Yesu?

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *