Wa Mwanya mu Getsemani
Wa mwanya mu Getsemane
Sinzowibagira
Yes’ aho wabir’ urwuya
Rusa n’ amaraso.
Sinzibagir’ amagorwa
Wabonye kubganje,
Wunamye mw ivu kubganje,
Hamw’ i Getsemane.
Wari mu biti ku kwezi
Hamw’ ivyaha vyanje
Vyagutsindagira kw isi:
N’ igihano canje.
Intumwa zagutayeyo
Na So yihishije,
Ntaho nzomeny’ ivyo vyago
Vyagucumuk uje.
Kandi ni nakwibagira,
Mukiz’ unyibutse
Rwa rwuya rwawe wabira
Kubganje, kubganje.