Ntaco mfise nireguza

 


1. Nta co mfise nireguza Atar‘uko wampfiriye,
Kandi yuko wampamagaye: Mucunguzi, nditavye.


2. Gukekeranya ni kwinshi, Mbabazwa cane Mukiza,
N’intambara yo mu mutima; Mucunguzi, nditavye.


3. Sintinyuka no kugeza Kwikurakw‘ ibinyanduje,
Nizigiy’ amaraso yawe; Mucunguzi, nditavye.


4. Naho nd’ umworo nd’impumyi, Ni wew‘ump’ itunga ryawe
Ukampumur’ ukampimbara; Mucunguzi, nditavye.


5. Uranyakira nanduye, Uranyoz’ uramparira;
Kuko nizey’ isezerano Ryawe Yesu, nditavye.


6. Urukundo rwawe rwinshi Runkuyekw ivyantebeje,
Ndakunze kub’ uwawe rwose; Mucunguzi, nditavye.


7. Urwo rukundo mmeny’ ubu Rwanyujuje n’Uhoraho,
Nshikir’ ungab’ unyiganzire; Mukiza, ndishikanye.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *