Uri Nkuru
Uhoraho nama ntangazwa cane
N’ivyaremwe n’ibiganza vyawe
Inyenyeri n’uguhindakw’inkuba
Vyerekanaububashabwawe
Ref
Mwami Mana ndakuririmbira
Uri nkuru uri Nkuru
Mwami Mana ndakuririmbira
Uri nkuru uri Nkuru
Iyongenda mw’ishambary’ikibira
Numv’inyoni uko ziririmba
Ndikumpinga ndende ndaba mu mwonga
Mbon’imigezi numv’umuyaga
Iyo nibutse ko Mana watanze
Umwana wawe k’umusaraba
Imitwaro yanje akayikorera
Yampfiriye ngombe umwana wawe
Kristo azozanana n’impunduziwe
Azonjana mu rugo kwa Data
Nzopfukama mpimbaz’Imanayanje
Mvuz’impundu nti Mana uri Nkuru